Abashinjacaha ba sentare mpanavyaha mpuzamakungu ICC, bakuyeko ibirego vyose barega umukuru w’igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta.
Kenyatta yari yagirijwe ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, bijanye no gukwegera abantu mu bwicanyi bwakurikiye amatora mu 2008.Ibiro vy’umushinjacaha vyavuze ko hataraboneka ibimenyetso bihagije kugira bamushinje ivyo vyaha ata gukekenranya.
Ubushinjacaha bwankiwe kwongerwa umwanya wo gushaka ivyo bimenyetso, ubu rero Uhuru Kenyatta akaba atacaha nakimwe kimwagira muri ICC
Recent Comments