UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Breaking News : Ibara ryaraye riguye mu Burundi aho ababikira 3 baraye bishwe bunyamaswa n’abicanyi babanje kubakorera ivyamfurambi.

UBM News ads

Abababikira batatu bava mu gihugu c’Ubutaliano baraye bishwe baciwe imitwe, ivyo vyabaye kuri uyu w’Imana kuri Paroise yitiriwe umweranda Guido Maria Conforti yo mu Kamenge beshi bita kwa BUYENGERO, mu gisagara ca Bujumbura.

Babiri ba mbere Olga RASCHIETTI na Lucia PULICI bishwe mu gihe c’isaha umunani z’umuhingamo w’uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Nyakanga. Ababishe babasanze mu nzu babamwo, mu kigo c’umuryango w’abaxaveri. Babanje kubafata ku nguvu, hanyuma baca barabaniga.
Abo babana bagiye kubimenya mu nyuma, igipolosi kirahashika, ariko bivugwa ko abo bicanyi bari bamaze guhunga. Abapolisi barikumwe n’ababa muri ico kigo baraciye basaka muri ico kigo cose n’indani mu mazu, gushika aho babona ko atawoba ahinyegeje. Uwurongoye iyo paroisse Père Mario yaciye asaba apapolisi ko bobandanya baraririye ico kigo bari hanze y’uruzitiro, kuko indani hasanzwe hararirirwa n’abanyezamu, ni uko mwijoro baja kuryama bizeye ko vyarangiye.

Ariko mw’ijoro igihe c’isaha umunani, abo bicanyi basubira kwica uwundi mubikira w’umutaliano nyene Bernadette BOGGIAN. N’uwo nyene babanje kumugirira ivyamfurambi, baca bamuca izosi, basiga umutwe uri ukwawo, umutumba ukwawo. Sœur Bernadette BOGGIAN niwe yari yamye atonda uko bagenziwe bari bishwe, yongera aranabaherekeza mu buruhukiro. Ntawuzi ko abo bicanyi biketse ko ivyo yoba yaraborarabutswe vyohavuye bibafatisha.


Abo babikira batatu bari baje gufasha ino mu Burundi mu muryango w’abaxaveri mu mwaka w’1962, bashika gukorera mu Kamenge mu mwaka w’1987. Bari abahumure : Bernadette BOGGIAN yari afise imyaka 79, Olga RASCHIETTI imyaka 83, Lucia PULICI nawe imyaka 75.

Mu gitongo c’uyu wa mbere, wari umubabaro udasanzwe aho kuri paroisse Kamenge benshi bita kwa Buyengero. Abanyagihugu bari bakinje, abihebeye Imana baguma baza kubaza uko vyagenze, abajejwe umutekano baguma bacanacana, biboneka ko bose bibaza uko ubwo bubisha bwagenze, n’intumbero bwoba bugamije.

Abategetsi batandukanye baguma baza kuraba ivyabaye no guhoza umuryango wabuze. Ku ruhande rwa Leta icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper BAZOMBANZA, yahojeje umuryango w’abatariyano n’abakatolika bose, avuga ko leta y’uburundi iteye ivyatsi ubwo bwicanyi, yizeza ko izokora ibishoboka vyose kugirango ababikoze bafatwe bahanwe.

Umuvugizi w’igipolisi HARIMESHI Hermenegilde yavuze ko gushika ubu hataramenyekana abakoze iryo bara, ariko abanyezamu batatu bakora kuri ico kigo barafashwe ku mvo z’amatohoza, na rirya hari umuntu abo banyezamu bari bafashe hakiri kare ariko agomba kwaka itelefone umubikira, ariko mu nyuma bakamurekura bavuga ko bamuzi ko ari umukehabwenge.

Amenyesha ko hashinzwe umugwi w’amatohoza kuri ubwo bwicanyi. Vyongeye, bafashe ingingo zo kwongereza umutekano w’ababataliyano baba aha mu Burundi kuko vyabonetse ko abo bicanyi batumbera abataliyano gusa, kuko aho ivyo vyaba iruhunde hari abandi babikira babiri umwe wo mu gihugu ca Congo n’uwundi ava mu Rwanda, ariko ntibigeze babakomakoma. Ikindi kandi ni uko bamwe muri abo bishwe bari bafise amafaranga y’amashikanwa ariko abo bicanyi bayasize aho.

Umushingamateka yatowe mu gisagara ca Bujumbura Remy BARAMPAMA asanzwe ari imvukira ya komine KAMENGE avuga ko umuryango w’abaxaveri wafasha muri vyishi haba mubijanye n’indero, amagara y’abantu n’ibindi. Ati ivyabaye ntivyokwitirirwa abanyakamenge kuko bobo barazi ivyiza babakorera, ngo ni ababisha batagirizina, agasaba abanyagisagara gufasha kugira kugira abakoze iryo bara bafatwe.

Sources : Ingoma

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments