Inkuru yihuta ibabaje idushikiriye kano kanya kuri UBM News ” Umugabo aba muri Amarillo Texas ” Gerard Nzahumunyurwa ” yakoze isanganya y’imodoka kumusi wejo igihe cisaha zitandatu ( 12:47 p.m. ) ica ihitana ubuzima bwiwe ”
Nkuko vyatangajwe nigi Polisi gikorera muri ” Amarillo Texas ” bo bavuze ko Gerard Nzahumunyurwa ko yakoze isanganya ari mumodoka ya JIPI ( Jeep Cherokee ) uwo vyari kumwe mu modoka akaba ari nawe yariko aratwaza ( Emmanuel Musavyimana ) nawe bakaba bahise bamunyarukana kwamuganga ubu akaba ariho ariko aravurirwa.
Hano abajejwe umutekano bari bamaze kuhagera ” ipica by Amarillo Globe News ”
Ako kanya nyene bagikora isanganya, Gerard Nzahumunyurwa yahise yitaba Imana mugihe Emmanuel Musavyimana bahise bamunyarukana kwamuganga , UBMNews reka tubibutse ko Gerard apfuye afise imyaka 53 kandi tukaba duhojeje umuryango wababuze.
Abenshi twamukunda cane ariko Imana yo yamukunze kurusha , Imana imwakire mubwami bwayo bwo mwijuru ”Rest in Peace !
Recent Comments