Breaking News |General Adolphe nshimirimana ngo ntagihema

0

Mpejeje kubura umwe mu bagenzi banje, umwe mubo twafatanije urugamba. Ivyo bihejeje gushikirizwa na Willy Nyamitwe umuhanuzi mu Biro vy’umukuru w’igihugu aho yamenyesheje ko atakiri mu bazima.

le-chef-des-imbonerakure

Ayo makuru akaba yari yavuzwe guhera mu gitondo aho vyavuzwe ko yatewe Rockette n’abantu bataramenyekana aho yaraciye kuri gard du nord mu Kamenge.

Iyo nkuru ibabaje ishitse mu gihe haheze imisi mikeya sentare ijwejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ihejeje kwemeza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yahaye Pr. Petero Nkurunziza, akaba   yatewe ivyatsi na benshi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza.

UBM News tubibutse ko Uwo mu General yari umwe mu bagirizwa ivyaha bitandukanye aho harimwo ukwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abadaharanira inyungu za Politique eka mbere n’itangwa ry’ibirwanisho ku misoresore yegamiye umugambwe uri ku butegetsi.