Breaking News : Coût d’état ngo yoba yapfuvye, jenerali Godefroid Niyombare ngo nawe yoba yamaze guhunga.

0

general

Nyuma y’iminsi 2 gusa hatangajwe inkuru yakwiye mu gihugu cose hamwe nu kwisi nzima ko nyakubabwa umukuru w’igihugu cu Burundi Petero Nkurunziza kuba yatembagajwe kubutegetsi na jenerali Godefroid Niyombare , ubu ibintu bisa nivyahindutse kuko amakuru yizewe ariko aradushikira hano kuri UBM News yemeza ko iyo Coût d’état yoba yapfuvye aho ni nyuma yaho abasirikare bayoboka uwo mugenerali bananiriwe gufata Radio hamwe na Televisiziyo vyi gihugu ( RTNB )

nkurunziza

Petero Nkurunziza kugeza ubu bivugwa ko ari mu Burundi nkuko vyatangajwe na Willy Nyamitwe ajejwe gutumatumanako amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu , yamara rero naho yatangaje ayo majambo, amakuru yizewe nayo yatanzwe na BBC bo bemeza ko Petero Nkurunziza akiri muri Tanzania.

Kugeza kano kanya, babiri muri bamwe muba jenerali bari bashatse guhirika ubutegetsi bwa Nkurunziza baza bamaze gufatwa naho uwari watangaje ko atembagaje ubutegetsi ” jenerali Godefroid Niyombare ubu ngo aza yamaze guhunga kandi ngwariko araronderwa bimwe bikomeye , Willy Nyamitwe niwe yabize.

_82974525_027186046-1
Abantu baranzwe n’umunezero i Bujumbura bakicumva iyo nkuru yavugwa ko hari hakubiswe Coût d’état

UBM News tubibutse ko ejo hahise babaye ingwano ikomeye cane hagati yabasirikare bashigikiye Petero Nkurunziza hamwe nabari bavuze ko bahiritse ubutegetsi.