Inyuma y’ingingo yo kurekura Bob RUGURIKA umuyobozi wa RPA, abantu isinzi bavuye hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura birutse baja ahakorera RPA. Abaporisi bavyifashemwo neza kuko atawe bariye n’urwara, bikaboneka boba bari barengewe n’ubwinshi bw’abantu bava mu mpande zose.
Intambo n’indirimbo imbere ya RPA
Kuva hasohotse ingingo yo kurekura Bob RUGURIKA, abantu batanguye hagenda bake bake barimwo abana, abakuze bakorera mu buzi butandukanye. Bamwe bava ahahora hakorera isoko nkuru ya Bujumbura, abandi bava muma karitiye atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura baza mu mirwi, batera imvyino zitandukanye.
Ab’imiduga, amakinga, n’amapikipiki bavuza amahoni (Klaxons), tutibagiye abamenyeshamakuru bagenda ahakorera “Radio Publique Africaine”. Imbere y’ahakorera iyo “Radio” hari isinzi ry’abanyagihugu batera indirimbo zitandukanye bongera batamba baririmba bati : “RPA yaratabaye”.
Bob Rugurika ” Umurongozi wa RPA ( Ijwi ry’abanyagihugu )
Abo twavuganye bavuga ko bagiye gushigikira RPA kubera irekurwa ry’umuyobozi wayo, abandi bakavuga ko BOB RUGURIKA yari yafashwe kubera igitugu c’ubutegetsi, bagasaba rero hofatwa abo Bob RUGURIKA yavuze mu matohoza yagize.
Abantu bagumye bagwira aho bazunguruka imbere y’ahakorera RPA baririmba bafise ibiti, amababi, ubumwanya, n’impuzu zirimwo ibara ry’akatsi kabisi (vert). Abandi bafise igicapo kiriko BOB Rugurika naba babikira bicigwa mu KAMENGE. Tubibutse ko iryo bara ry’akatsi kabisi ryari rimaze iminsi ryambarwa ku minsi wa kabiri yose, ivyo bita “Mardi Vert”. Muri iyo myiyerekano y’abanyagihugu, umuporisi canke imodoko y’igiporisi yarengana bayiha akaruru, ariko nta muporisi yigeze arya urwara umunyagihugu.
Recent Comments