Breaking News : Big Farious afungiwe i Kigali mu Rwanda, azira kino kintu gikomeye yakoreye umwana w’umukobwa ” soma ngaha wumve

0

Umuririmvyi w’Umurundi Mugani Desire abenshi bazi kwizina rya Big Farious ari mu maboko ya Polisi mu Muji wa Kigali aho akurikiranyweho icaha co guha inzoga umwana akiri muto.

fizzo

Nkuko UBM News ino nkuru tuyikesha ikinyamakuru gikorera mu Rwanda ” IGIHE, bo bavuga ko umuvugizi wigi Polisi c’u Rwanda mu Muji wi Kigali Supt Modeste Mbabazi ko yababwiye yuko Big Farious kugeza ubu ariko arakorwako iperereza ku caha yafungiwe co guha umwana inzoga atarakura.

Supt Modeste Mbabazi yagize ati “ego, arafunzwe. Afungiwe mu Muji wa Kigali kuri station ya Remera. Akurikiranyweho icaha co guha inzoga umwana utarageza igihe.”

Big Farious yatawe muri yompi kuri uyu wa Mbere itariki ya 26/10/ 2015.
Biravugwa ko mw’ijoro ryo kuruwu wamungu itariki ya 25/10/ 2015 Big Farious yanywereye mu kabari kitwa Top Chief i Nyabugogo. Ngo yaje guhuriramwo n’umugore amusaba ko yomushakira umukobwa bagirana ibihe vyiza uwundi ngo ntiyatevye yaciye ngwabimwerera.

Big Fizzo

Uyu mugore ngo yaje gushakira Big Farious umukobwa w’imyaka 15 ariko ngo umuravye ku gihagararo yibaza ko ari inkumi, Ijoro ryose basangiye inzoga ngo baranishimina kugeza aho batahanye bararana muri Champion Hotel aho uyu muririmvyi yari yashikiye

Ngo vyaje kumenyekana ko Big Farious yihereranye umwana ataruzuza imyaka y’ubukure kugeza aho hitabajwe inzego z’umutekano uyu muririmvyi afungwa ubwo.

SRC : IGIHE Rwanda