Breaking News : Agathon Rwasa ariyamiriza bino bintu bikomeye biriko biravugwa kuriwe.

0

Amakuru yihuta adushikiriye kano kanya kuri UBM News avuga ko ibihuha vyiriwe birakwiragizwa kuri Agathon Rwasa ngo ni ububeshi kuko ngo we nta dosiye yiwe yigeze atanga muri CENI.

Agathon

Uyu munsi hari amakuru yiriwe aracanacanako yavuga ko Agathon Rwasa yoba yatanze idosiye yiwe muri CENI kugirango aze ahiganirwe ikibanza c’Umukuru wigihugu , yamara ayo makuru ngo ni ububeshi nkuko twavyiganiwe hano kuri UBM News.

Umwe mubakurikiranira hafi ibibera mu Burundi yaganiriye natwe yagize ati : Kurivyo bihuha vyiriwe bikwiragizwa ko mutama Nyenicubahiro Agathon Rwasa yatanze dosiye yiwe muri CENI , ni ikinyoma ceruye kuko mutama mw’ijambo yashikirije kandi yama ariko arashikiriza abarundi n’amakungu , yavuze ati :” NIMBA NKURUNZIZA NA CNDD-FDD BASHAKA KO AMATORA ABAHO , NI BATANGE UWUNDI MU CANDIDAT ATARI NKURUNZIZA “.