Breaking News | Abungere n’abafashwe mu myiyerekano nibo biswe abarwanyi bafashwe

0

Abiswe abarwanyi bafatiwe mu kanyanza mu mirwano yabaye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 mukakaro, ngo boba ari abungere hamwe n’abafashwe mu gihe c’imyiyerekano, ivyo bikaba vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru Bujumbura News.

20-000-fbu

Nkuko ico kinyamakuru gikorera mu gihugu c’Ububirigi kibivuga, ngo abo bungere bahawe amahera ashika ku 20 000 vy’amafaranga y’amarundi kugira bemere ko ari abarwanyi imbere y’abamenyeshamakuru. Abandi berekanwe ngo n’amasore bafashwe mu gihe c’imyiyerekano bemerewe kurekurwa mu gihe bokwemera imbere y’abamenyeshamakuru ko ari abarwanyi.

Muri abo bose hakaba ata numwe yarekuwe ngo atahe kuri uwo musi kuko baciye burizwa imiduga yajanywa mu bibanza bitazwi. Umumenyeshamakuru w’ico kinyamakuru Bujumbura News amenyesha ko yaronse ibishingantahe bitandukanye bivuga ko abavyeyi b’iyo misore batewe amakenga n’Ubuzima bwabo bana. Ico kinyamakuru Kikabandanya kandi kimenyesha ko bashobora kugandagurwa.

Ayandi makuru dukesha ico kinyamakuru n’uko igitigi c’amasirikare bija mw’ishamba guhamvye abandi kiguma ciyongera ku mwanya ku mwanya.