Inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’abatariyanokazi bo kuri paruwasi ya Guido Maria Conforti Kamenge mu gisagara ca Bujumbura ku wa 7 Nyakanga, iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu yararonse inkuru y’ingene ubwo bwicanyi bwateguwe.
Général Adolphe Nshimirimana yavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira batatu
Muri iyo nkuru dukesha insamirizi RPA, amwe mu mazina akaba yavuzwe n’umuntu avuga ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi. Uwo munyagihugu aho ari mu kinyegero, avuga ko inama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75, izo nama nazo zikaba zabereye mu bunywero bita Iwabo n’abantu bwa Général Adolphe Nshimirimana. Uwo munyagihugu akavuga ko mu nama ya mbere yarimwo nawe, harimwo kandi n’abandi bantu nka Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza, umuporisi yitwa Ayubu, na Joseph Niyonziza batazira Kazungu, Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge n’abandi.
Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, abagirijwe n’uwo munyagihugu ko bafashije mu gutegura ubwo bwicanyi, bakaba babajijwe n’iyo radiyo. Nk’uko RPA ibivuga, uwahoze arongoye urwego rw’igendereza yagirijwe kuba yari mu bateguye ubwo bwicanyi, akaba yabariye iyo radiyo ko we yitabira ibikorwa vy’ukwubaka igihugu, ko boreka ubutungane bugakora.
Mukamenya ko kugeza n’ubu Ekereziya Gatorika ibandanya isaba ukuri ku bishe abo babikira. Ariko mw’ibohero rikuru rya Mpimba hakaba hapfungiweyo umusore azwi kw’izina rya Claude Christian Butoyi, uwo nawe abamuzi bakemeza ko agwaye mu mutwe.
Recent Comments