Bobona ariko arategura Album kandi igeze kure.

0

Nikuze Bon fils azwi nka Bobona muri kino gihe ariko ategura urukurikirane rw’indirimbo rushasha ruzoba rwitwa Abagenzi nkuko uyo muririmvyi Bobona yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu ubmnews.com mu kiganiro twagiranye agishika mu gihugu ciwe c’uburundi;nyuma yaho aviriye mu gihugu c’ubutariyano aho yari amaze iminsi ari mu karuhuko.
ni bobona
Urwo rukurikirane rukaba rugizwe n’ibice 2;igice ca mbere akaba yagikoze mu murwi wa Accoustic aho igice ca 2 kizoba kirimwo indirimbo ziri mu murwi w’umudiho unyaruka wa Funck na Pop afro.
bobona
Bobona akaba ariko akorana urwo rukurikirane n’abahinyanyuzi 2 bakomeye cane mu burundi Marc Kibamba na Bachir dia wo muri Madiba studio.
new bobona
Twobamenyeshako Bobona yigeze gutahukana ikibanza ca 2 mw’ihiganwa Prix Decouverte Rfi.