Bob Rugurika yongeye gukorerwa ikindi kintu kibabaje cane ageze muri America i New York ” soma hano wumve

0

Kuri uyu wagatandatu, Bob Rugurika umuyobozi w’insamirizi RPA yarahagaristwe kabiri kose igihe yari murugendo aja i New York. Igiporisi mpuzamakungu Interpol nico camuhagarika bivuye kw’itegeko ry’abategetsi b’Uburundi.

bob

Nkuko ino nkuru yemezwa nikinyamakuru kimwe gikorera mu Burundi, ngo Hakiri kare mu gitondo, Bob Rugurika agishitse ku kibuga c’indege c’i Schipol d’Amsterdam ariko aja i New York yagiye abona ahagarikwa n’abajejwe ivyo uruja n’uruza, ngo we Yarabasiguriye ko murekarengane yiwe yamenyeshejwe ko iri muzibwe haciye iminsi ubwo Baciye bamureka arabandanya urugendo.

Yapfuye gushika ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’ i JFK New York asanga nahonyene bamutangiriye, Basubiye ku mumenyesha ko murekarengane yiwe iherutse kwibwa.

kubwa Bob Rugurika, Wewe avuga ko ivyo bituruka ku butegetsi bw’i Bujumbura butigeze burota ku mworohereza haraciye igihe kitari gito.