UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Biteye Ubwoba : Uno Mugabo amaze imyaka 13 aryamana n’abapfuye ! ikibabaje cane nuko….

UBM News ads

Umugabo w’imyaka 47 wo mu gihugu ca Brasil,yavumbuwe agiye kuryama mukaburi aho bahamba abapfuye ry’ahitwa Botas riri mu muji wa Sao Paulo maze munyuma aza gusobanura ko ahamaze imyaka igera kuri 13 yirarirayo atabwoba afise.

Nkuko vyatangajwe nikinyamakuru ‘’ The Standard Digital News ‘’ bo bavuga yuko uyo mugabo ko yigeze gukora akazi ko muri Office ahantu hameze neza cane ariko munyuma ngo yaje kuba imbata y’ibiyovyabwenge nyuma yo kwirukanwa kuri ako kazi kiwe. Si ivyo gusa kuko n’umugore wiwe yahise amwirukana munzu kandi Kuva ico gihe ngo nibwo Beraldo yahisemwo kuza aragenda kurara ku mva y’uwahoze ari inshuti yiwe yitavye Imana nkuko yabitangarije abanyamakuru.

Kubwe ngo ntivyamutera ubwoba kurara mukaburi iruhande y’abapfuye, kuko ngo adatinya abapfuye canke gwatinye urupfu, ahubwo nyene ngw’atinya ubuzima nkuko yabitangaje.

Uno mugabo Mu vyifuzo vyiwe ngo yifuza kuzobona inzu yo kubamwo ndetse n’akazi kuko ngo vyoba biteye agahinda aramutse apfiriye mukaburi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments