Hano kwisi haba abantu batandukanye bityo murabo bantu hakaba hariho abo usanga abantu benshi babibazaho cane bati : ese vyagenze gute kugirango uriya avuke ameze kurya ??
Nkuko ikinyamakuru gikorera Muri Indian cabitangaje ” India Times ” cashize ahagaragara amafoto yabakobwa batatu bafise amasura yuzuye ubwoya bwirabura mumaso bityo bikaba bikomeje kuvugisha abantu amajambo menshi.
Ngo Impanvu bano bakobwa bavutse nkakurya, nikubera bavukanye indwara yitwa ”Hypertrichosis ” kandi ngo iyondwara bakaba bayikuye kuri se wabo ubavyara kuko nawe afise ubwoya bwinshi mumaso yiwe.
Ubwo bwoya budasanzwe buri kurabo bakobwa ngo ntibuteba kumera kuko bama bagerageza kubumwa burigihe ariko ngo bukura ningonga bityo bica bibatwara umwanya mwinshi wo kwama babukata burimusi.
Ikinyamakuru ”India Times ” cashize ahagaragara amazina yabo bakobwa aho umukobwa mukuru afite imyaka 23 yitwa Savita Sangli , uwumukurikira ni Monisha Sangli w’imyaka 18, mutoya wabo nawe ni Savitri Sangli w’imyaka 16.
Nyina wabo bakobwa burikanya yama afite umubabaro kuba yararongowe numugabo afite ubwoya mumaso kandi nikimubabaza cane ngo nabo bana yavyaye kuko ngo yaragerageje kubakorera ubuvuzi ariko vyarase ikindi naco nuko nama Dollar bamuciye kugirango avuze aba bakobwa arimenshi cane.
UBMNews turahojeje uwomuryango ariko tukaba twizera ko Imana ariyo ishobora vyose, ubwo ibibazo vyabo bakobwa tubituye uwariwese kugirango burigihe muze mwibuka kubasengera abobantu. Posted by Eric Nyandwi
Recent Comments