Umuririmvyikazi Miley Cyrus arabandanya gukora ibintu bitangaje bisa no kwikinisha mu biteramo.Kuri uno w’imana igenekerezo rya 1 Ruheshi mugihe yari mugiteramo yakuye agahuzu gafata amabere agatsirita kubihimba vy’irondoka hanyuma aca agaterera mubariko bararaba igiteramo.
Amakuru dukesha Mail online avuga ko ico giteramo cariko kibera mugihugu ca Finland ahitwa Hartwall Arena Helsinki aho ngo yaranzwe n’ibikorwa vyurukozasoni birimwo gukura agahuzu gafata amabere(soutien) agatsirita ku gitsina hanyuma agaterera mubari mugiteramo, kwerekana igisusu n’ibindi bikorwa biteye isoni vyababaje abari ngaho.Muri ico giteramo yari yaje yambaye agakanzu kagufi cane gashonye mu madolari yambaye n’umukufi umeze nk’urumogi.
Aya makuru abandanya avuga ko bamwe mu bari baje kuraba ico giteramo baciye bisohokera kubera kutaryoherwa nivyo yariko arakora.Abafashe uwo mugambi ahanini ni abari bazananye n’abana kuko ngo banse ko abana babo bazohava baza baravyigana.Mirey Cyrus si ubwambere akoze ibikorwa biteye isoni nkivyo kuko mu kwezi guheze mugihe yari mugiteramo mugisagara ca Londres yakoze ibisa nkivyo aho yaguma akorakora ku gitsina ciwe akoresheje urutoke.
Recent Comments