UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Biteye isoni : abigeze kuba abategetsi mu gihugu ubu bafatwa nkaho ataco bigeze bamara !

UBM News ads

Insiguro zatanzwe n’umukuru w’igihugu ziratangaje ku bijanye n’ihagarikwa rya Bernard Busokoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu mabanga yiwe, ndetse ntizari zinakenewe kuko umukuru w’igihugu afise ububasha bwo gukura ivyegera vyiwe n’abashikiranganji, ata n’insiguro arinze gutanga nk’uko abirekurirwa n’ibwirizwa nshingiro. Ariko rero, izo nsiguro zatanzwe, zikaba zitangaje, ndetse umuntu agashobora kwibaza ibibazo bitandukanye, nk’uko bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE.

Kubwa Pacifique Nininahazwe, ivyagirijwe Bernard Busokoza ntibifashe ukurikiranye uko bishikirizwa n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, aho yagirijwe ko yariko asaba ko hosubira kuba ibiganiro muri Reta ku bijanye n’integuro y’ibwirizwa nshingiro.
Pacifique Nininahazwe avuga ko, ivyo abantu bose bariko barabisaba ko ibwirizwa nshingiro ribanza gusigurirwa abarundi bose, kugira bamenye ibiri muri ryo, mu gihe iryo bwirizwa nshingiro nyene, hari n’abashikiranganji batamenye ibiri muri ryo, mu gihe n’ivyo bakoreyeko mu nteguro yaryo babibatse.

Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro, akibutsa ukuntu yaje muri Reta hari icuka kibi mu mugambwe UPRONA, icuka co gukura Terensiyo Sinunguruza yari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ku buryo vyumvikana ko ata kiyago cahabaye gikwiye. Kuba rero Bernard Busokoza yariko arasaba ko ibijanye n’ibwirizwa nshingiro rya Repuburika y’Uburundi risubira kwigwa na bose vyari vyumvikana, atari akwiye guca akomborwa.

Ikindi yagirijwe, akaba ari ifutwa ry’ingingo ya Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku bijanye n’itegeko ryo kugena Niyoyankana Bonaventure kuba umukuru w’umugambwe UPRONA. Pacifique Nininahazwe akaba avuga ko, bitangaje kubona umushikiranganji ajejwe gufasha imigambwe kugira ije hamwe, ariwe agaruka akankira iyagira yiyunge, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nawe ajejwe ibibazo vya poritike, asanzwe arongoye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, agize aramutumyeko kugira aje kumusigurira ivyo ariko arakora kuri ico kibazo ca UPRONA, ntamwitabe.

Kubw’uwo ari mw’ishirahamwe ataho ryegamiye mu vya poritike, avuga ko vyumvikana ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu afashe ingingo yo gufuta izo ngingo za Edouard Nduwimana ari ibisanzwe cane, ndetse akaba ata n’ingorane vyari bikwiye gutera. Ahubwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu bishika ntihagire ico akora, abantu bomutwenze, kuko ataco yobaye ariko arakora muri Reta, mu gihe abo arongoye basigaye bamugarariza, bagaheza bagasambura umugambwe wiwe arorera ntavuge, nk’uko Pacifique Nininahazwe abandanya abishikiriza.
Ikindi gitanganje akaba ari ingene umukuru w’igihugu yatahutse avuye mu makungu, agashikira gufata ingingo yo guhagarika mu mabanga icegera ciwe atanabanje ku muhamagara kugira amubaze ibijanye n’imvo zamutumye ahagarika itegeko ry’umushikiranganji, umuntu agasigara yibaza ingene Reta ikora.
“Umushikiranganji arafata ingingo ikomeye cane atanabajije uwumutwara, uwumutwara amutumyeko akanka kumwitaba, umukuru w’igihugu yashika, agashikira gufata ingingo yo kubogoza wa muntu ata n’insiguro amuhaye, iyo Reta uyumvirije usanga ari Reta y’abantu batavugana.”

Ica nyuma, Busokoza yahowe ko yagiye ku ngoro y’uwo mugambwe UPRONA igihe yari yugarijwe n’abaporisi kuwa 30 Nzero uyu mwaka. Kuri ivyo, Pacifique Nininahazwe atanga akarorero ka hamwe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yofata ingingo yugara ingoro ya CNDD FDD, akavuga ko Nyabenda Pascal atakirongoye umugambwe, wasubijwe Hussein Radjabu, agashiraho abaporisi bayicungereye, aho akibaza namba umukuru w’igihugu atokwishikira ku ngoro y’umugambwe avamwo, kuraba uko ibintu vyifashe ?
Nininahazwe Pacifique rero akabona ko izo mvo zitari zikwiriye ko zirinda gusigurirwa abarundi n’amakungu, kuko zidafashe. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu rero, akaba yakoze ivyo yategerezwa gukora mu kazi yari ajejwe.
Kuri izo ngorane zashikiye umugambwe wa Rwagasore, Pacifique Nininahazwe avuga ko umuntu yohakura ivyirwa bitatu.

1. Biragaragara ko Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu yiteguriye bimwe bidasanzwe kugira aronke ububasha bwo gusubira kwitoza ubugira gatatu, kuko abashingamateka bane babura kugira ibwirizwa nshingiro rihinduke bashobora kuboneka, batanzwe na UPRONA irongowe na Niyoyankana Bonaventure, mu gihe abariko bariyamiriza iryo bwirizwa nshingiro ubu batswe umugambwe.

2.Ikindi cigwa, ni uko ubu abarundi bamenye hamwe hitwa hejuru, mu gihe abatari bake bama bumva bavuga ingingo yaje iva hejuru, umuntu akarondera hejuru akahabura, ubu rero hejuru harabonetse ko hari umukuru w’igihugu. Uravye ukwo ingingo ya Edouard Nduwimana yo guha umugambwe Niyoyankana yashigikiwe n’umukuru w’igihugu, ndetse igahava ihitana icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ata nabajijwe n’uwumukurira muri Reta.

3. Icirwa ca gatatu n’uko ibibaye kuri UPRONA vyabaye no ku yindi migambwe, kandi umugambwe wa Rwagasore urorera. Vyarabaye muri FNL, biraba muri UPD Zigamibanga, ivyo bikaba abari bashoboye gufata ingingo barorera, bibaza ko ari ivyo kwa Rwasa bitabaraba canke bati ni ivyo kwa Radjabu Hussein ntibituraba. Uyu munsi rero, UPRONA birabashikiye kumwe vyari vyarashikiye n’abandi barorera. Ibi rero bibaye, ejo bishobora no kuzoba kuri CNDD FDD nyene, mu gihe biba ku bandi bagashira agati mu ryinyo, hagize uwurenganywa, agateka kiwe kagahonyangwa ntihagire uwuvuga, bakagira bati, ntibindaba. Namba uyu munsi ari naka, ejo naho ni wewe. Abarundi bose bari bakwiye kwubahirizwa ,agateka k’uwundi ntigahungabane urorera, ngo uterere agati mu ryinyo.

Pacifique Nininahazwe akaba yarangije asaba Reta gutanga ijambo ry’ihumure ku barundi, mu gihe bivugwa ko umutekano wa Bernard Busokoza n’umukuru w’umugambwe UPRONA woba utifashe neza, mbere kuva ku munsi w’ejo bakaba bari ahantu hatazwi.
Nininahazwe Pacifique avuga ko amakenga ku mutekano w’abo bahisemwo kwinyegeza afise ifatiro mu gihe ari akamaramaza aho abigeze kuramutswa igihugu, bakaramutswa amabanga ahambaye mu gihugu muri kahise bafashwe nk’abantu ataco bigeze bamara, bagakubitwa bagashaya, canke bagakorerwa ayandi mabi atawodondagura.

Tukabibutsa ko Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye igihugu yigeze kurementeranirizwa agatabwa mu mvuto, Alphonse Marie Kadege, Marina Barampama, bahoze ari ivyegera vy’umukuru w’igihugu bakaba barigeze gukubagurwa, hamwe na bamwe mu bigeze kuba abashikiranganji n’abashingamateka bakaba batagerwa umutwe, aho kugeza n’ubu ndetse icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu Ferederiko Bamvuginyumvira akiri mu Mpimba, yagirizwa gushaka gutanga igiturire, ariko ivyo, abatari bake bavuga ko ari irementanya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments