Biravugwa Ko Alexis Sinduhije Agiye kuba mu Ndongozi za CNARED.

0

Mu gihe CNARED, urunani rw’abatavuga rumwe na Leta y’i Bujumbura rugwiriyemwo abenshi baba hanze y’igihugu c’Uburundi ihanzwe n’ukutavuga rumwe ku bijanye n’ubwicanyi bwabereye mu Ruhagarika bwahitanye abantu bashika 26, bisa n’ivyashushe muri CNARED.

Ku makuru yatanguye kuja ahabona, Jean Minani arongoye urwo runani CNARED ashobora gukomborwa mwayo mabanga agasubirizwa na na Ndayikengurukiye hama icegera ciwe nawe akaba Alexis Sinduhije.

Ku bijanye n’amatangazo abiri avuguruzanya aheruka gushirwa ahabona muri CNARED, biraboneka ko CNARED yabeshuze amakuru yashizwe ahabona n’ikinyamakuru Trumpet News co mu Buganda cegetse ubwicanyi bwaa Ruhagarika kuri Alexis Sinduhije.

None Jean Minani yari asnzwe atarabwa ryiza kubera yagirizwa ‘gutwara nabi’ urwo runani na bamwe muri CNARED yoba agiye gukomborwa?Tubitege amaso…