Hari haheze amezi arenga 2 se wa P-Square yitavye Imana ariko igitangaje cane nuko uyu munsi ariho yahambwe , abenshi rero bakomeje kwibaza icoba carateye bano basore gutevya gushingura Se wabo naburya vyari bisanzwe bimenyerewe ko umuntu apfuye ahita ahambwa vyihuta.
Peter na Paul abaririmvyi bagize umugwi wa P Square, gushika ubu ntamuntu numwe aramenya icatumye barindira amezi arenga 2 yose kugirango babone guhamba se wabo, naburya uno mutama yitavye imana mumpera zukwicuminarimwe mu mwaka wahera wi 2014( Nov 24, 2014 ) ariko akaba yahambwe uyu munsi itariki ya ( Jan 30, 2015 )
UBM News tubibutse ko bano baririmvyi basigaye ari impfuvyi kuko nyina wabo nawe yapfuye mu mwaka wi 2012 urunva ko atamuvyeyi numwe basigaranye ” Rest in Peace
Hano musi n’amafoto yerekana ukuntu se wa P-square yashinguwe.
Recent Comments