UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Muri Tanzania umugabo yakase igitsina c’umugore wiwe kugira akidadanze i Milioni 5 k’umupfumu !

UBM News ads

Akenshi twari tumaze kunva inkuru zivuga ko hari abagore bakata ibitsina vyabagabo babo bivanye nuko abo bagabo baba bafise ingeso mbi yo kwiruka mubandi bagore, ariko ubu hoho bisa nkaho vyahindutse kuko abagabo nabo basigaye bakata ibitsina vyabagore babo bakaja kubidadanza mu bapfumu, Umugore w’imyaka 60 yamavuko ( uwo mubona kwifoto ) avuga ko umugabo wiwe ( Mashaka ili ) aheruka kumukata igitsina ciwe cirondoka kugirango aje kukidadanza imilioni 5 kumupfumu.

mkeakatwa

Nkuko ano makuru tuyahabwa ndetse yemezwa n’ikinyamakuru gikorera muri Tanzania ( Global Publishers ) bo baganiriye nuno mugore, yababwiye ko umusi umugabo wiwe amukorera ivyo bintu bigayitse, ngo yazananye umupfumu iwe, umugabo wiwe yamubwiye ko uwo mupfumu yamutumye ibihimba vyibanga vyumugore ubwo rero niyemera akabimuha ngo aca abaha i Milioni 5.

Uno mugore yagize ati : Mwijoro ryuwo musi, umugabo wanje yarambembereje ariko ndanka, munyuma turyamye naje kubona asimbirako atangura guhimbura igitsina canje, yantegetse ngo sinkome induru kuko ngo ubutunzi agiye kuronka nibwinshi cane, jewe sinamenye icakwirikiye ariko naje kwisanga ndi mubitaro.

Kugeza ubu uno mugore agwariye mu bitaro ariko inzego zumutekano ziki gihugu ziriko ziragerageza uko zishoboye kwose kugirango zifate uno mugabo yakoze kino caha kigayitse.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments