UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Biratangaje ” Ibi n’ibintu 15 utazi kuri Rose Muhando : Afise abana 3 ariko ntamugabo afise !

Rose Muhando mu vyukuri ni umuntu ki? Rose Muhando ni umuririnvyi ukunzwe cane kandi umaze kumenyekana mu ndirimbo zo guhimbaza Imana mu rurimi rw’Igiswahili, yavutse mu w’1976, avukira mugace ka Morogoro muri Tanzania.

muhando

Rose Muhando yavukiye mu muryango w’Abisilamu ( Islam ) , ari na ryo dini yakuriyemwo, Nkuko Rosa muhando avyivugira ubwiwe atangaza ko ubwo yari arenvye arwaye indwara ikomeye yari amaranye iminsi, mw’iyerekwa ryiwe aryamye ngo yabonye Yesu Kristo, Ico gihe yari afise imyaka 9 y’amavuko, Nyuma rero yo guhura na Yesu Kristo, yaje gukira indwara yari amaranye iminsi maze ahita agiraho yakira Yesu Kristo kugirango amubere umwami wibihe vyose.

Rose Muhando yatanguye igikorwa c’uburirimvyi yigisha muri korali ( Choir ) yitwa Saint Mary’s mwishengero rya ” Chimuli Anglican Church ” mu murwa mukuru wa Dar- Es- Salaam

Ibi n’ibintu 15 utazi kuri Rose Muhando:

1. Rose Muhando yavukiye muri Tanzania, akurira mu ntara ya Mogororo (Tz)

2. Akiri umukobwa, Rose Muhando yagiye kwiga inyigisho zijanye n’idini ya Islam (Madrasa- muslim religious studies).

3. Rose Muhando agifise imyaka 9, yararwaye igihe c’imyaka 3 arenvye ariko abantu batazi uburwayi arwaye.

4. Ubwo yari arwaye ni bwo Yesu Kristo yaje mu nzozi akamukiza

5. Ubwiwe avuga ko ijwi ryavuganye na we riti “Ndi Yesu, ndagukijije vyuka uje kunkorera.” Nguko uko yakize mu buryo bw’igitangaza, hanyuma ahita atangura gukorera Kristo.

6. Rose Muhando yakiriye Kristo ari kuri Pasika.

7. Rose Muhando yatanguye kuririmba ari mwi korali ( Choir ) yitwa Dodoma Saint Mary’s choir.

8. Rose Muhando yahagaritswe mw’ikanisa ubwo yanka kugaragara kuri album y’indirimbo z’iyo korali.

9. Rose Muhando ntagira umugabo, ariko afise abana batatu (3) bari hagati y’imyaka 9-14.

10. Rose Muhando yarahiye ko atazoshaka umugabo kuko umugambi wiwe ari uwo gukorera Imana.

11. Mu mwaka w’2009, Rose Muhando yahawe igihembo c’umuririnvyi wa mbere wa Gospel muri Tanzania, ahabwa n’amashilingi ya Tanzania (Tsh) 200, 000 n’ikigo Tanzania Broadcasting Corporation (TBC) akesha indirimbo yiwe yise ‘Nibebe.’

12. Mu 2005, Rose Muhando yahawe igihembo c’umuhimvyi wa mbere hamwe n’umuririmvyi wa mbere na album y’umwaka muri concert yiswe The Tanzania Gospel Music Award Concert.

13. Mu 2011, Rose Muhando yasinyanye amasezerano na company yitwa Sony Music yo kumucururiza indirimbo. Aya masezerano yatangajwe mu gihugu ca Tanzania ku mugaragaro mu muji wa Dar es Salaam, Tanzania.

14. Mu mwaka w’2008, Rose Muhando yatsindiye igihembo Groove Awards mu gihugu ca Kenya, arongera atsindira igihembo c’umuririnvyikazi mwiza muri Afurika.

15. Rose Muhando niwe muririnvyi wambere aririmba indirimbo za Gospel kugeza ubu muri Tanzania afise abakunzi ( Fans ) benshi !

Source: Buzz Kenya

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments