UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Birababaje : Uno mugabo aba hano muri America yakatiwe gufungwa imyaka 263 ” Soma hano umenye impanvu ya vyose.

UBM News ads

Umugabo ava muri Nigeria ariko ubu akaba yarasanzwe aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Felix Okafor ” Sentare yamukatiye igihano kidasanzwe ndetse kibabaje aho yahanishijwe igihano co gufungwa imyaka 263, impanvu ya vyose ngo nikubera gukora ivyashara vy’ibiyovyabwenge, kwikorera amahera yububeshi muburyo butemewe n’amategeko ndetse no gutunga inkoho atabifiye uruhusha.

Nkuko bibandanywa bivugwa ngo uno mugabo ” Felix Okafor ” yaje kuba hano muri America kuva mu mwaka w’1981, ngo we yarafise iduka muri Calorina ariko kandi igitangaje cane ngo nuko iryo duka ariryo yagaruka agakoreramwo ivyo vyaha vyose vyatumye akatirwa imyaka 263 yo gufungwa.

Felix Okafor nyuma ko kuburanishwa, ivyaha bigera kuri 25 nivyo berekanye ko yakoze ” harimwo bimwe vyo gucuruza urumogi ( Marijuana ) harimwo ibigera 11 vyogutunga inkoho atabifitiye uburenganzira, ibi rero vyose akaba arivyo vyatumye intahe imukubita mu gahanga.

Twe turavye tubona ko uno mugabo kino gihano yakatiwe ko ari nkico gupfira mugasho kuko imyaka yakatiwe ni myinshi cane ndetse ugereranije imyaka afise ‘( 53 ) ugaca ushiraho niyo bamukatiye kuzomufunga, vyerekana ko niyagirirwa ubuntu akamara iyo myaka yose ko azoza kurekurwa afise imyaka 316

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments