UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Birababaje: Umwana yategetswe na nyina wiwe gusambana n’abagabo barenga 1800 ngo nivyo vyashimisha imana basenga ! Niwirabire hano

Mu nkuru zibabaje cane ino yuno mukobwa nayo irimwo, ubwiwe abicishije mu gitabo yanditse avuga ku buzima bwiwe, yasiguye ukuntu nyina wiwe umuvyara yamugize umusambanyi ku nguvu kuva aho yarafise imyaka 11, uno mukobwa ubwiwe avuga ko amaze kuzuza imyaka 18 yaramaze kuryamana n’abagabo bahakwa gushika 2000 mu mwaka umwe gusa.


Uru nirwo rushengero batangiragamwo ivyo kuryamana n’abasaza, aho ku ruhande ni nyina hamwe n’umugabo baryamana.

Uyu mugore mu gitabo yanditse, yatanze ubutumwa bukomeye kandi buteye agahinda buvuga uburyo abihatiwe na nyina umuvyara yaryama n’abagabo benshi cane kugira ngo idini nyina yasengeramwo ribashe kuronka amahera menshi kugira ritere rija imbere.

Ubwo ” Annabelle ” yari afise imyaka 7 y’amavuko ngo ubwiwe burigihe yahora abona nyina wiwe akunda kuryamana n’abagabo benshi kandi incuro nyinshi, Gusa ngo akenshi akamubonana n’umugabo umwe, ” Colin Batley ” ari na we yaje gutegekwa kuryamana nawe ubwo yari afise imyaka 11 gusa y’amavuko.

Colin Batley na Jacqueline Marling, nyina wa Annabelle, ubu barafunzwe bazizwa guhohotera umwana w’umukobwa. Annabelle kurubu ufise umuryango wiwe bwite, niwe washize nyina na Batley m’ubucamanza aho bakatiwe igifungo c’imyaka 12. Yagize ati “Mu buzima ntakindi kintu cigeze kimbabaza nka mama hamwe n’uriya mugabo. Mama yari nka shetani kandi sinzokwigera ndamubabarira na rimwe mu buzima. Kubaho mu buzima bubabaje nka buriya ari mama wawe abiguteye yitwaje ngo ni ukwemera ry’idini asengeramwo ni agahinda gakomeye ntateze kuzokira.”


Uyu ni Colin wahohoteye uno mukobwa Annabelle hamwe n’abandi bakobwa benshi igihe kirekire

Abandanya agira ati “Nafashwe ku nguvu ubwa mbere mfise imyaka 11 gusa y’amavuko. Ikimbabaza kurushaho rero ni ukuntu yatuma nibaza ko aribwo buzima nihitiyemwo, biteye agahinda kandi ni kimwe mu bintu bikomeye bibabaje vyambayeko ariko kandi ikimbabaza gose nuko Mama yahora ambwira ko zari inshingano zanje ndetse ko cari n’igikorwa ciza, we yahora ambwira ko ndamutse ntabikoze ko yaca anjana i Abyss aha naho hafatwa nk’ikuzimu muriryo dini twasengamwo.

Colin umugabo yahora ararana na Mama yari afise akarimi kuzuye ubugome n’uburyarya bwinshi, akubwiye ikintu kumuhakanira ntivyaba vyoroshe, ntitwaba twemerewe no kumuraba mu maso. Yari yarateye ubwoba abantu bose bari batuye mugace twabamwo , we yabumvisha ko umuntu wese azokwanka gukora ivyo amusaba ko azoshavuza imana zabo basenga.” Annabelle yiyunviriye ivyo yakorerwa ndetse akabona ko atamaherezo y’ibi, we yashatse kwiyica ubwo yari afise imyaka 12 gusa y’amavuko gusa ntivyamukundiye, ubuzima burakomeza mubibazo n’umubabaro urenze urugero. Yakomeje agira ati “Ikindi giteye ubwoba kurusha cane ni ukuntu iyo yaba amaze kugukorera ivya mfura mbi yaca akubaza nimba vyakubereye vyiza kandi vyari ngombwa kuko vyari nkitegeko ko wategerezwa kwishure ” Ego ” ariko mumutima waba ufise umubabaro udasanzwe.


Ana Iki n’igitabo Annabelle avugamwo umubabaro yagize muribi bihe bikomeye yaciyemwo.

Nari umunyeshure kumurango ariko hagaze mwijoro igikorwa cane carico gukora imibonano mpuzabitsina n’abasaza.” Amaze kugira imyaka 17 y’amavuko Annabelle yatwaye inda maze aca afata umwanzuro woguhunga akava mu rugo iwabo, akibeshaho. N’ubwo bitari vyoroshe yaragiye abaho, aravyara ndetse hashize igihe agaruka mu gace k’iwabo aho yareze nyina na Colin ibikorwa bibi bamukoreye.

Anna Nyina wa Annabelle, Jacqueline ubu ari muri mugasho nyuma y’ivyo yakoreye umwana yivyariye yitwaje idini , we yagize ati ” Bamaze kumukatira nagiye kumuraba aho afungiwe ngira ngo kumbure ndabe ko yansaba imbabazi ngo anambwire ko ivyo yakora vyose yabiterwa na Colin ariko aho kugira ico ambwira yubuye amaso aranyitegereza, munyuma ambaza ico nje ngukora ngaho aho iryo jambo ryavuye mu kanwa ryari iryo kumbaza, vyarambabaje cane ariko kandi binanyereka ko ivyambayeko vyose ko yabigizemwo uruhare rukomeye kona yari ishetani nkurya mugabo, Jewe ubu nk’umuntu yavyaye sinhobora kwiyumvisha umutima mama afise, ivyo yankoreye nd’umwana yivyariye sinzi nimba vyoroshe ko hogira n’uwundi muvyeyi yobikora.” Nyuma yuno mubabaro udasanzwe yagize ndetse uteye agahinga, Annabelle yasezeye burundu kuri nyina maze yibandanyiriza ubuzima aho ubu abayeho neza we hamwe n’umugabo wiwe n’abana 2 harimwo n’uwo yasamye afise imyaka 17.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments