Umugabo yitwa Brian Deacon asanzwe akomoka mu gihugu c’u Bwongereza yavutse afise ishusho ya Yesu Kristo neza. Uyu mugabo akaba yarahawe akazi ko gukina Movie ya Yesu ndetse benshi bamubonye bakibwira ko yoba ari Yesu w’i Nazareti wagarutse kwisi.
Nyamara inkuru ibabaje nuko Brian Deacon yatangaje ko atemera Yesu mu gihe i miliyoni zirenga 117 z’ abantu bamufata ko ariwe Yesu Umwami n’ umucunguzi wabo bitewe na Movie yakinye ari Yesu. Mu buzima busanzwe uyu mugabo yavukiye mu gihugu c’ Ubwongereza kw’ italiki ya 13 zukwakabiri mu 1949 ( February 13, 1949 )
Abantu benshi batuye kwisi, aha tutibagiye abarundi baba hano muri America, usanga benshi batunze amashusho ya Brian Deacon bazi ko ari Yesu umucunguzi wabo
Uyu mugabo ni umwongereza asanzwe amenyekana cane muma Movie menshi , ava mu muji wa Oxford, ndetse yatowe kuza arakina ama Movie mw’ishure rizwi nka Oxford Youth Theatre.
Yarongoye abagore 2 umwe yitwa Rule Lenska, uyundi nawe yitwa Natalie Bloch, iki akaba ari kimwe mu vyerekana ko uyu mugabo atemera Imigenzo hamwe nibikorwa Yesu yakora.
Si ivyo gusa, kuko nyene ubwiwe yaravyitangarije ubwo yabwira itangazamakuru ko we abarizwa mu muryango w’ abatemera Yesu ariko ikimutangaza cane ngo nuko abantu benshi kwisi bamufata nk’ aho ariwe Yesu.
Abantu benshi bafise ibishushanyo, amafoto y’ uyu mugabo mu mazu, ikindi naco nuko abantu baramutse babonye uyu mugabo imbona nkubone, n’ ubwo isura yiwe yashaje bagirango barabonekewe.
Ukuri kw’ ibi nuko iriya shusho iri mu mitwe y’ abantu benshi bibwira ko ari iya Yesu atariwe kuko ari iya Brian yakinye iriya Movie ya Yesu.
Recent Comments