UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Birababaje || Rwasa Agathon arahatswe gupfakara

UBM News ads

BURUNDI-VOTE-RWASA

Hari igihe c’isaha mu mwanya w’umugoro nk’isaha cumi n’imwe zibura iminota mikeya aho humvikana amasasu abiri avugira mu gisagara ca Bujumbura amaja muri quartier bita iy’abarabu(Asiatique). Muri uwo mwanya abantu aho bari bari bakaba batamenye ibibaye.

Umufasha wa Rwasa Agathon
Umufasha wa Rwasa Agathon

Mu mwanya muto cane amakuru yahavuye atangura kuboneka aho havuzwe hirya no hino haba kuri Facebook, whatsapp, twitter n’ama message atandukanye yo kuri za ngendanwa, aho hagumye havurwa ko umutambukanyi w’umukuru w’umugambwe FNL itemerwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ariwe Rwasa Agathon ahejeje kuranswa aho yari gukoresha umushatsi aho muri iyo quartier.

Nkuko amakuru yabandanije amenyekana yabandanije abivuga ngo yaciye ajanwa kuri BUMELEC aho yaciye aja kuvurirwa hakaba hari abari mu runani RANAC, Umushingantahe Rwasa Agathon asanzwe arongoye hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za Politique.

Mwomenya ko uwo mufasha wa Rwasa Agathon yarashwe ku mutwe hejuru y’ijisho. Bigashoboka ko ari ubutumwa buhawe uwo murongozi wa RANAC.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments