Therence Mushano arongoye ishirahamwe AC-Genocide Cirimoso avuga ko bibabaje kubona abana batuririwe mu kibimba mumwaka w’1993 batibukwa nk’abandi Barundi.
Ni mu gihe haheze imyaka 4 basaba ko ivyo bibondo vyibukwa ariko umushikikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akabankira,ubu naho bandikiye Prezida Varisto Ndayishimiye ariko nawe nyene akabankira

Amashirahamwe 3 ariyo Ac-Genocide cirimoso,ishirahamwe riserukira abavyeyi baburiye ababo mu kibimba hamwe n’ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu mu kibimba haraheze imyaka 4 guhera mumwaka wa 2020 basaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ariko akabankira ko bibuka ibibondo vyaturiwe bibona mu kibimba.
Therence Mushano arongoye ishirahamwe AC-Genocide Cirimoso amenyesha ko bibabaje cane kubona abana baturiwe babona mu kibimba mu mwaka wa 1993 badashobora kwibukwa ngo bunamirwe nk’abandi barundi mbere bikaba vyerekana aka mwana wa mama.
Nkuko uwo arongoye AC-Genocide abandanya abivuga ngo haraheze imyaka 4 basaba umushikiranganji ajejwe intwaro yo Mu gihugu hagati ngo abahe uruhusha bunamire ivyo bibondo ariko akabankira akabishura ko igenekerezo rya 21 gitugutu rihurirana no kwibuka urupfu rwa prezida Melchior Ndadaye.
Therence Mushano avuga ko batinze barandikira umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye basi abemerere bunamire ivyo bibondo kw’igenekerezo rya 26 gitugutu 2024 hari kuri uyu wa gatandatu uheze ariko naho nyene barabona ko ata cizere kirimwo ko bahabwa urwo ruhusha kuko n’igihe camaze kurenga.
Hari kw’igenekerezo rya 21 gitugutu 1993 igihe abana bo mu bwoko bw’abatutsi bari biga kuri Lycee Kibimba bababoha bakabashira mu kazu k’ahari station kw’i Bubu bakabinjizamwo maze ako kazu karaturirwa abanyeshure barenga 150 bahirayo.





Recent Comments