Umuririmvyi Elly’s Boy yari yanyurujwe yasubiye kuboneka yuzuye inguma ku maboko no mu maso. Yafashwe yitiranijwe na Mkombozi, aho no mu muduga yagiyemwo havuzwa ururirimbo “Nzeyimana” rwa Mkombozi nyene. Elly’s Boy ubwoba ni bwinshi kubera abamunyuruje bamubwiye ko hagize ico abwira abamenyeshamakuru azokwicwa.
Elly’s Boy mu cumba c’indembe muri Hopital Militaire
Inyuma y’igiteramo co kw’igenekerezo rya 11 Nzero cabereye mu Buhonga mu ntara ya Bujumbura cakozwe na Elly’s Boy na mwenewabo Mkombozi, Elly’s Boy yahavuye afatwa igihe c’isaha cumi na zibiri zirenga z’umugoroba (18h00) kuri iryo genekerezo nyene. Nk’uko uwo muririmvyi abitubwira, yafashwe n’abantu bari mu muduga wo mu bwoko bwa “Prado” itagira inomero ndangamuduga kandi abamufashe bari bafise inkoho za Pistolets. Elly’s Boy avuga ko ashitse mu muduga baciye bamupfunga mu maso maze bashiramwo ururirimbo “Nzeyimana” bamubwira ko uwo munsi abaririmbira, nawe akavuga ko urwo ruririmbo ariwe yaruririmvye.
Inyuma y’amasaha atari make mu muduga, bashitse ahantu bagenda n’amaguru baca mu bishanga no mu biti bagenda baramukubita, hama bashika ahantu baca bamukura ca gitambara mu maso maze baramufotora. Bamaze kurungika iyo foto hari uwaciye abwira abo bamunyuruje ko uwo atariwe ko barondera Mkombozi. Aho hose yaguma akubwitwa akubagurwa bamubaza aho Mkombozi ari, aho akunda guteramira n’inomera za ngendanwa yiwe. Igihe c’isaha icenda z’ubuca kw’igenekerezo rya 13 Nzero, Elly’s Boy yagarukanywe imbere yaho bamukuye aboshe amaguru n’amaboko, ari nakwo gutabarizwa n’abanyezamu, agahava atwagwa kwa muganga kuri “Hopital Militaire” aho yashikiye mu cumba c’indembe ariko Imana yarankinze uwo muririmvyi yasubiye aho asanzwe aba kuri uwu wa kabiri.
Elly’s Boy avuga ko abamufashe atashoboye kubamenya ariko asaba ko umutekano wiwe wokingirwa hamwe n’uwabandi baririmvyi bariko bahigwa buhongo, aha avuga Mkombozi, Lion Story na N John yahavuye ahunga n’igihugu c’amavukiro yiwe.
Mwomenya ko abaririmvyi atari bake bari kuraba uwo mugenzi wabo yaraye agarukiye iyo rwotera izuba, ariko abo bose barafise ubwoba aho bamwe muribo banse kugira ico bavuga kubera ikibazo ca Mkombozi ari ikibazo ca poritike.
[youtube id=”Uw-Eq0QaCDQ” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]
Recent Comments