Birababaje : Abanywanyi ba Agathon Rwasa bakomeje kubica babahora ko bari m’umugambwe wa FNL

0

Datus Nshimirimana, umunywanyi w’umugambwe FNL ishami riyobowe na Agathon Rwasa yaragandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha. Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko biteye agahinda kubona umuntu agandagurwa kubera ivyiyumviro vyiwe vya poritike.

Nshimirimana Datus yari umunywanyi wa FNL, ishami riyobowe na Rwasa Agathon. Amakuru atangwa na Aimé Magera, umuvugizi w’iryo shami rya FNL avuga ko uwo munywanyi yabonanye na Rwasa Agathon ku rugo iwe, bakaba bavanye nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine. Urupfu rwiwe rwameyekanye nk’isaha zibiri z’ijoro, bikavugwa ko yoba yanyurujwe n’abantu bamutegereye avuye aho ku rugo rwa Rwasa Agathon, bakamujana aho muri muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha, ari naho yagandaguriwe n’abantu bataramenyekana, bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet bamurasishije mu mutwe.

Rwasa Agathon avuga ko kumwicira abanywanyi bitamuca intege

Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yari yamanye n’uwo munywanyi Datus Nshimirimana amenyesha ko ata nkeka urupfu rwiwe rufise intumbero ya poritike kuko atari umudandaza, abamugandaguye nabo bakaba ata kintu na kimwe bamwivye yaba imodoka, canke amafaranga yari afise. Rwasa Agathon avuga ko bibabaje kwumva abantu bagandagurwa bahorwa ivyiyumviro vya poritike. N’aho abayoboke biwe badasiba gukubagurwa canke kwicwa, Rwasa Agathon avuga ko bitazomuca intege, ko azobandanya urugamba yatanguye rw’uguharanira ko Uburundi buba umurima y’isangi, abarundi bose bahabwe agaciro mu gihugu cabibarutse. Ku makenga ko nawe ubwiwe ashobora kugandagurwa, Rwasa Agathon amenyesha ko naho hazosigara umwe, ukuri kuzoteba kugatsinda, agasaba abo basesa amaraso ya benewabo ko bokwikebuka, akagira ati : “Abamaze gupfa baramaze, ntihagire uwundi asubira.”

Datus Nshimirimana yahora aba muri komine Kanyosha, akaba yatwawe kwicirwa muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha. Asize abana babiri n’umupfakazi nyina w’izo mpfuvyi.

Sources : Igihe Burundi