UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Bino bintu bikomeye bishaka bibe kuri Agathon Rwasa wavyunvise ? Soma hano urabe

UBM News ads

Umushikirizamanza mu Burundi aheruka kurengutsa ubwa mbere abaserukira impunzi z’abanyekongo b’Abanyamulenge bahungiye muri ico gihugu mu rubanza basaba ko hokurikiranwa abishe benewabo mu Gatumba mu 2004.

agathon rwasa

Abaserukira abandi 3 nibo barengutse ku mvo z’amatohoza imbere y’icariho c’umushikirizamanza mukuru muri sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura. Umwe umwe wese yumvirijwe ukwiwe mu kiringo c’isaha irenga. Kw’itariki 13 ukwezi kwa 8 mu 2004, mu Gatumba hiciwe abanyamurenge barenga 160.

Abaserukiye abandi bavuze ko kwumvirizwa n’ubushikirizamanza ari intambwe bazokwemera ko ubutungane bw’uburundi bufise ishaka ry’ugukurikirana urwo rubanza mu gihe abo barega bazoba barengukishijwe imbere y’ubutungane. Mu 2010 , umuryango w’Abanyamulenge witwariye nyakubahwa Agathon Rwasa na Pasteur Habimana ko boba baragize uruhare murivyo bintu.

rwasa

Mu gihe dusigaje amezi 6 yonyene gusa kugirango u Burundi bwinjire mu matora y’Umukuru wigihugu, bamwe bavuga ko kuba abo banyamurenge bagiye kwitwara , ngo hoba ari ukugirango nyakubahwa Agathon Rwasa arongoye FNL ntaze yigere yitabira amatora y’Umukuru wigihugu, ubwo ngo bakaba bariko barageregeza uko vyogenda kwose kugirango Agathon Rwasa akurikiranwe nubutungane bityo ngo ntaze ahabwe amahirwe yo kwitoza.

Abanyamurenge bo barabihakana ahubwo bo bavuga ko bagiye kwitura ubutangane kugirango ukuri kwababiciye ababo mu gatumba kumenyekane, ariko nubwo biruko benshi bakomeje kwibaza bati : Ni Gute iyo himirije igihe camatora ariho baca bagerageza kwitura ubutungane ?

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments