Umuririmvyi afata i number ya mbere mu gukundwa cane kurusha abandi bose mu Burundi ( Big Fizzo ) arababazwa n’abantu biyadukiza mugukwirakwiza amakuru y’ibinyoma.
Ivyo rero uno muririmvyi akaba abivuze nyuma yaho hari umwe mubiyadukije aja kubuhinga ngurukanabumenyi yandika ko amagara ya Big Fizzo yuko yoba atifashe neza kunvo zuko yoba akoresha ibiyayura mutwe , ivyo rero bikaba vyababaje uno muririmvyi ndetse ashima kugira ico avuga kuvyerekeye abantu nkabo bapfa gukwirakwiza amakuru batatohoje neza.
Kubwuno muririmvyi , we abona ko abantu nkabo bafise inzigo yakazikira kuburyo batipfuza kubona ko yotera imbere ikindi naco abasabira ku Mana ko yobagirira ikigongwe kuko batazi ico bakora.
Big Fizzo yagize ati : Hahah… ntakizokworoha !!! Biboneka ko uno muntu yandits ibi bintu afise inzigo yakazikira, ar’umwicanyi, injavyi yipfuriza umuntu inabi!!! En tout cas biboneka ko hamwe yogira amahirwe n’ishano yorimpa!!!! Ewe Mana rurema, girira ikigongwe bano bantu ubahe n’umuco muvyo bakora…..!!!!
UBM News mukurangiza ino nkurur, reka tubibutse ko Big Fizzo atabiyayuramutwe akoresha, ica mbere nuko nkiyo umuririmvyi akoresha ibiyayuramutwe bigoye cane kugirango abandanye atera imbere mumuziki akora aho usanga atamwanya aba aronka wo gukora indirimbo canke wo guteramisha ibiteramo, ubwo ugereranije nivyo abantu benshi barabiraho kugirango bamenye ko umuririmvyi kanaka akoresha ibiyayuramutwe, biraboneka ko Big Fizzo atanumunsi numwe yigera asubira inyuma uravye aho yatanguriye naho ageze biboneka ko aguma atera imbere mukubandanya asohora indirimbo nshasha ikindi naco nuko no mu minsi iri imbere azoba afise igiteramo kizoba kidasanzwe azokorera muri ANTWEPEN.
Recent Comments