Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsBig Fizzo yaje kumwanya wa mbere murutonde rwabaririmvyi bakunzwe cane kurusha abandi...

Big Fizzo yaje kumwanya wa mbere murutonde rwabaririmvyi bakunzwe cane kurusha abandi mu Burundi ” Raba hano uko bagenda barakurikirana.

Nkuko UBM News arico kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri America kigerageza kubazanira inkuru zigezweho ndetse zitandukanye n’ibindi binyamakuru, ubu ho twabazaniye bishasha mutamenyereye kwunva aho twabakoreye ubushakashatsi bwo kubereka umuririmvyi wa mbere w’umurundi akunzwe cane kurusha abandi.

Stars

Muri runo rutonde twabakoreye twifashishije Internet , umuririmvyi Big Fariouz niwe yaje kumwanya wa mbere mu baririmvyi bakunzwe cane kurusha abandi , kuri Youtube niwe muririmvyi aba mu Burundi indirimbo yiwe ya ( Bajou ) imaze kubonwa n’abantu benshi ( 136,848 Views ) naho tugiye kuri Facebook dusanga ariwe muririmvyi kandi afise abantu benshi bakunda ”i Page yiwe aho we afise abantu barenga 5000 bamukurikira.

fariouz

Aba Star b’abarundi bafise ba fans benshi kuma page yabo ya facebook uku niko baza barakurikirana.

1. Big Fizzo ( 5,057 likes )
2. Samantha ( 1,325 likes )
3. Sat-B (947 likes)

Mu Bantu barenga i Million cumi ( 10 615 075 ) baba mu Burundi muruno mwaka wi 2014 , abantu barenga ( 500,441 ) nibo bafise Internet, naho abantu bashika ku ( 85,545 ) nibo bonyene bakoresha facebook ”

sat b

Umuntu rero yokwibaza ati : Nigute umuririmvyi aba ari umu SuperStar, bishatse kuvuga ko aba ari umuririmvyi akunzwe cane ariko waja kuma Page yabo ya Facebook ugasanga atan’abantu barenga 10.000 afise bamukurikira? Abarundi bisabwa dushigikirane, dukunde abaririmvyi bacu kuri Internet kuko nitwe tuzotuma bagera kuri vyinshi cane, ubu kugira abantu baba mumahanga ubemeze ko uba ukunzwe, ubereka Social Network zawe ukoresha aho kenshi baraba aba ( Follower, Likes, Subscribers ), babonye ufise abantu benshi niho baca batangura kugutumira mubiteramo bibera hanze kuko baba bizera neza ko uri umuntu ukunzwe.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments