Big Fizzo ashobora gufungwa imyaka irenga 25 hamwe yo kwagirwa nicaha co gufata kunguvu.

0

Umusi wa mbere uraheze umuririmvyi Mugani Desire abarizwa mu gasho k’igipolisi mu gisagara ca Kigali mu gace ka Remera. Akaba yagirizwa ko yafatanywe umwana ari musi y’imyaka 18 bariko basangira inzoga, abandi nabo bakavuga ko yari yanararanye n’uwo mwana.

fizzo

Ikinyamakuru Inyarwanda.com kikaba caraye canditse ko ibihano ashobora guhabwa mu gihe yokwagirwa n’icaha akaba ashobora kuja mu buroko ikiringo kiri hagati y’amezi atatu n’atandatu, ace acibwa ihadabu ry’amafaranga ari gahati y’ibihumbi 300 n’umuliyoni w’amanyarwanda.

Ivyo bihano bikaba bikurwa mu gitabo mpanavyaha vy’igihugu c’Urwanda mu ngingo y’219, mu gihe ari ikibazo c’inzoga zihabwa abana bari musi y’imyaka
18.

fizzo baby

Mu gihe hojamwo ukwagirizwa ugufata ku nguvu ngo uwo musore ashobora guca akatirwa igihano c’umunyororo ushika ku myaka 25.

Gushika ubu amakuru dukesha bamwe mu banyamakuru baho mu gihugu c’Urwanda akavuga ko abaganga aribo bazotanga umuco kuri ico kibazo c’Ugufata ku nguvu.