Insamirizi n’ibinyamakuru vyavuzwe mu ruririmbo « What’s my name » rw’umuririmvyi Big Farious vyafata ingingo ko ata ndirimbo n’imwe y’uwo muririmvyi izosubira kuvuzwa, kandi ntizizosubira gutangaza igiteramo cose azoba ariko arategura.
Mu gihe hamaze hagugwa amajambo y’ibitutsi no kwifatira mu gahanga zimwe mu nsamarizi n’abamenyeshamakuru, abo bose bavuzwe mu ruririmbo « What’s my name » ya Big Farious bafatiye ibihano uwo muririmvyi. Abamenyeshamakuru bakora cane cane amakuru y’umuziki ku nsamirizi za Bonesha Fm, Radio Publique Africaine « RPA », Renaissance, Radio Fréquence Media « RFm », Rema Fm, Radio Culture bahuriye mu kiganiro gica kuri Rema FM citwa « Nezerwa na Sms Radio », kiremeshwa n’umumenyeshamakuru Eddy Kamoso. Bahavuye bafashe ingingo ruhasha yo kutazosubira kuvuza ururirimbo na rumwe rwa Farious canke batangaze ibikorwa vyiwe, haba ibiteramo canke ikindi kintu cose c’uwo muririmvyi.
Iyo ngingo ishobora guhinduka mu gihe uwo muririmvyi yosaba ikigongwe izo nsamiririzi, n’abamenyeshamakuru bazo, naho nyene biciye mu ndirimbo nk’uko yabigize mu kubifatira mu gahanga. Abo bamenyeshamakuru bati :”zirisha Mukike zirariye Mpanda”, ivyo babivuga mu gukebura izindi nsamirizi zoba zitavuzwe muri urwo rurimbo.
Abo bamenyeshamakuru babona ko umuririmvyi Farious adakwiye kurondera kuja hejuru y’umumenyeshamakuru, kuko ariwe ashira hejuru umuririmvyi. Abaririmvyi bakwiye kwubaha abo babafasha mu gushira ahabona ibikorwa vyabo.
Amajambo yo muri urwo ruririmbo « What’s my name » yateye ishavu abamenyeshamakuru b’umuziki ni aya akwirikira : Mather fucker why my name, mbele wamoja muwatangazaji walikuwa ma fans wangu,sasa leo wameanza kuponda kazi zangu, MBELE YA KUNISOGELEYA NENDA MUKAPIGE MUSWAKI, MUNANUKA VIKWAPA. Nilijulikana ju ya Radio mizero,na Ccib fm, siyo rema fm, siyo isanganiro, siyo Bonesha, siyo Rfm wala salama. MUSEME MUSISEME HAMUTAKAZA MVUA KUNYESHA.
Mu kirundi yavuze ko ubwa mbere bamwe mu bamenyeshamakuru bari abakunzi biwe, ariko ubu bakaba batanguye kuvuga nabi ibikorwa vyiwe. Ati : “Imbere y’ukunyegera banze mugende mwinyugumure, kandi muranuka. Namenyekanye kubera insamirizi mwizero na CCIB FM+. Izo zindi Rema fm, Isanganiro, Bonesha, RFM canke Salama sizo zatumye menyekana.”
Ntitwashoboye kuronka uwo muririmvyi Big Farious kugira yisigure kuri ivyo yagirizwa ko yatutse insamirizi, yongera yifatira mu gahanga abamenyeshamakuru b’umuziki mu Burundi. Izo ngingo yazifatiwe mu gihe bivugwa ari mu rugendo mu gisagara Dubai kiri mu gihugu ca Emirats Arabe Unis.
Recent Comments