UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Big Fariouz baraye bamukoreye ikintu kibabaje atazopfa yibagiye ” Niwirabire nawe hano

UBM News ads

Igiteramo categerezwa kuremeshwa na Fariouz nticabaye uko yari aciteze. Wewe nta kosa yagize kuko amasaha yategerezwa kuba yashikiye ahabera igiteramo ntiyarengeje. Ariko yaratangajwe n’ivyamushikiye uwo munsi.

Ku rutonde rw’abaririmvyi b’igiteramo citiriwe ururirimbo “What’s my name Concert” cabereye kw’Itaba kwa Vyisi, Fizzo niwe yari hejuru. Uwo nawe yaritavye igiteramo atanacerewe, nko kuva igihe c’isaha cumi n’imwe uwo muririmvyi niho yari. Amakuru dukura mu bari aho, avuga ko bugingo hageze ko aririmba, Fizzo yasavye amahera yiwe. Yoba yagize amakenga ko yabona ata bantu benshi bahari. Umuririmvyi Jockas ari nawe yamutumyeko, yategerezwa kuyamuha, ntawamenye iyo yaciye. Baramubuze irengero, Fizzo ntiyabaye agihembwa.

Mbega bibaye uko Fizzo yavyifashemwo gute ?

Fizzo yaramaze umwanya utari muto abakunzi biwe bamubona mu kibanza c’iteka kandi bari bazi ko aririmba. Abakunzi biwe ntibamenye ivyamushikiye. Nk’uko abivuga kenshi ko abakunzi biwe aribo bakoresha biwe, Fizzo yahisemwo kuririmba naho ata mahera yari bwaronswe. Ivyo yabigize ku cubahiro yama avuga ko aha abakunzi biwe. Turiko turondera Jockas kugira tumenye igituma yatwaye amahera yo guhemba Fizzo.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments