UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Big Farious ivyo yaraye akoreye mu rwanda ntibizopfa vyibagiwe n’abanyarwanda bose ”

UBM News ads

Mu giteramo c’agakura cabaye ejo hahise, igenekerezo rya 08 Munyonyo 2013 ahitwa i HUYE mu gihugu kibanyi c’Urwanda, umuririmvyi w’i Burundi Big Farious yari yacitavye. Ico giteramo cataziriwe « Explosion concert »cari citabwe n’abantu isinzi, hamwe n’abaririmvyi nka Riderman, Social, Farious, Professeur Nigga eka n’abandi. Abenshi murabo bava mu gisagara ca Kigali.

Muri ico giteramo kiretse Queen Cha atitavye, abaririmvyi baraho bararonkejwe umwanya ukwiye. Mugani Desire azwi kw’izina rya Big Farious ntiyaronkejwe umwanya ukwiye wo kuryohera abanyarwanda. Umwanya wari wategekanijwe w’ico giteramo wari waheze mu gihe indirimbo yiwe « Bajou »yari irindiriwe n’abantu isinzi itari bwa vuge. Abajejwe umutekano baciye bamuzimirizako ivyuma, ariko Farious ntivyamuciye intege yayiririmvye atavyuma akoresheje, yikoze mugahogo abaraho barakenguruka. Naho vyabaye uko « Ndakumisinze »yari yayihejeje kandi yarakunzwe cane.

Mu masanamu yafashwe muri ico giteramo, biraboneka ko uwo murundi yavyifashemwo neza, aho benshi baniganira gukora ku kirato yari yambaye. Muri ico giteramo nyene haciye hasohoka indirimbo yaririmbanye na Social « Hansange »

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments