BIFU: Sat-B na Lolilo ntibateka ngo bishe. Soma ngaha amajambo yo gutyozana Sat-B yabwiye Lolilo.

0

Indirimbo nshasha ya Mr. Champagne na Lolilo yitwa SOKOZA hamwe na KANITANGAZE ya Sat-B ngo zishobora kuba arizo zatumye abo baririmvyi babiri batavuga rumwe, kumbure bagatangura no guterana amajambo agaragaza umwumvikano muke n’ umwuka mubi hagati y’ ivyo bihangange Bibiri.

11169689_365643700308831_7951656633673878743_o

Ubutumwa Sat-B yashikirije igihangange Lolilo bugaragaramwo ubwiyemezi budasanzwe kuri Lolilo nkuko abakunzi b’ umuziki babivuga ariko bikaboneka kandi ko Sat-B agashavu kaniga kubw’ impamvu zikiri mu matohoza.

11751847_512154368951444_8397289743035937061_n

Soma ngaha ubutumwa bivurwa yuko Sat-B yoba yarungikiye Lolilo.

UBUTUMWA KURI MUKURU WANJE LOLILO.

Brother usanzwe uzi ko wantanguriye mu muziki nkaba nzi yuko ufise ico wamaze mu muziki naho ubu bisa n ivyakwankiye reka nkubwire ko nki kwubaha kandi ata mpamvu ufise yo kwihebura. ugira ngo worya hiit cane ubanje nkuntyoza jewe mwene wanyu.

“Oya jewe nta kwasama kumuzik nogushwanyaguza nkongera nkagu satura kuko ndakurenze cane but ndubaha ivyo wakoze”

Reka mfata aka kanya ko kukwibutsa gukoresha ubwenge mu bikorwa no mu buzima bwa minsi yose kuko urabona nawewe ko ukuze…?? Nanje nkaba ndi mutoya wawe rero irinde si ndakumaramaze u garagaze ubutwari bwawe mu mvugo ukoresha buri munsi kuko irashaje. ntakubesha jewe mu muziki ndaba kure cane nta vision za hafi naho igihugu cacu kitatworohereje mu kazi mfise umutwaro n isezerano ryo kuwugeza kure no kugeza izina uburundi mu makungu kandi ndaca bifitiye umwanya kuko ndacari jeune abasha we ho ??? Ndagusabe usubire urondera wa wundi aguhe hiit nayo jewe no gusatura shaa…

Lolilo jewe….Ndakugereranya n iki kibuno jewe nita i bafle…

UBM News vuba ikazo bashikiriza imvo n’ imvano zatumye Sat-B na Lolilo badateka ngo bishe.