BEST LIFE MUSIC iri mu myiteguro y’amasamu y’indirimbo BETTER THAN.

0

Umugwi BEST LIFE MUSIC uhurikiyemwo imisore itanu,YOUNG DANY,YOUNG JP,G-KIBOKO,MC VITA hamwe na GMS EL MANGIFICO uri mu myiteguro yo gukora amasanamu y’indirimbo BETTER THAN nkuko ikinyamakuru canyu cashoboye kwishikira ahariko habera iyo myiteguro ahitwa kuri BEST OUT LOOCK HOTEL i KIRIRI.
Best Life - Better than 3

Muri iyo myiteguro yayo masanamu y’indirimbo BETTER THAN habonetse abigeme beza cane bakunda kuboneka mu masanamu y’indirimbo nshinyi z’abarundi nka:DIDY LOVE mumenyereye mu masanamu y’indirimbo nka :SANA TU,MUGARA za LOLILO,MBABARIRA y’umugwi Indimu n’izindi nyinshi za hano mu Burundi,harimwo kandi na SHARIFFA muziko yigeze gukundana n’umuririmvyi MKOMBOZI hamwe na KENNY yigeze kuja muri clip video y’umugwi B-GUN wo mu gihugu c’urwanda.
Best Life Music - Better than 1
Igitangaje muri iyo myiteguro yayo masanamu nuko habonetse abahinyanyuzi bakomeye cane nka KENT-P wo mu gihugu c’uburundi hamwe na MEDDY SALLE wo mu gihugu c’urwanda,umuhinyanyuzi akomeye cane yakoze indirimbo zakunzwe cane nka :IRIJORO ya CHRISTOPHER,PEKE YANGU na baramushaka za KNWOLESS hamwe n’izindi nyinshi zakunzwe cane hano mu Burundi no mu Karere.
Best Life Music - Better than 1
Ikinayamakuru canyu ubmnews.com kikaba cabajije uwusanzwe afata mu mugongo uyo mugwi aho yatumenyesheje ko iyo myiteguro yayo masanamu yabatwaye amafaranga menshi cane,amafaranga angana imiriyoni 5 z’amarundi.
Muri ayo masanamu hashoboye no kuboneka abantu bakomenye cane mu muziki w’uburundi nka CHRISTA HASTA na ELVIS uwusanzwe amenyerewe mu kwambika abaririmvyi asanzw akorera mu magazini LE PARISIENS.