BERCO STARS IBANDANYA IVYIFATAMWO NEZA MU NKINO ZA ZONE 5

0

Umugwi w’abigeme wa BERCO STARS ubandanya uvyifatamwo neza mu nkino za zone 5,inkino ziriko zibera mu gihugu kibanyi c’urwanda.

berco stars

Mu rukino rwa mbere umugwi wa BERCO STARS watsinze umugwi w’UBUMWE BBC wo mu gihugu c’urwanda ku manota 77 kuri 58 mu gihe mu rukino rwa kabiri Berco STARS yatsinze umugwi wa USU wo mu gihugu c’ubuganda ku manota 72 kuri 70,muri izo nkino uko ari zibiri abakinyi nka KARUME Florence,Ines GITI babandanya bavyifatamwo neza cane.

BERCO STARS akaba ariwo mugwi uhabwa amahirwe menshi wo gutahukana iryo higanwa rya zone 5.