UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Benshi bavugako ubukene ari indwara yandukira

Abatunzi kenshi usanga binuba aboro,bakabigira kure ndetse n’abantu b’uburyo bukeya usanga bikumira bakagendana n’abo banganya uburyo canke n’abo banganya igihagararo.Ivyo rero biri kw’isi yose.Umuntu yokwibaza nimba abatunzi batinya ko ubukene bubandukira.Ni bwaba bwandukira ,mbega aboro bobo nibipfuza ko ubutunzi bubandukira ?ubukene

Aba sokuru bobo bari baravyitegereje barabona ko kwicarana n’uwo mutangana bigoye cane kuko wasanga no mu manza bicarika abantu baravye igihagararo bafise,uko bambaye canke naho bakaraba ico amaze haba ku rwego rw’igihugu rw’intara no gushika ku mutumba.

Bamaze kubona ko bimeze gutyo baca batangura guca imigani ihanura abantu kugendana canke kwicarana n’abo bangana.Iyo migani bayica kandi mu ntumbero yo guhanura abakuru kugirango begere abantu batobato, canke naho iyo babonye umuntu akumiriwe kubera igihagararo afise baraca umugani werekana vyategerezwa kumera gutyo.

Imigani twashoboye kuronka nayo n’iyi :

-Abatanganya amatako ntibotana

-Hayaga abangana

-Udusiga tungana dutorana inda

-Iminwe itangana ntiramukanya

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments