Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli Benjamin Netanyahu amenyesha ko isiraheli ikomeje ibitero kumuhari Hamas kugeza usenyuwe burundu kandi ko ata buhungiro bafise Isiraheli itoshika.
N’inyuma yaho Isiraheli igavye igitero gikomeye ku ndongozi za Hamas muri Qatar kuri uyu w’Imana.

Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli yaratanze ikiganiro I Yerusalemu mu gihe yari kumwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Amerika Rubio Marco aho yagarutse ku rugamba Isiraheli irimwo rwo gutuza umuhari Hamas.
Benjamin netanyahu akaba amenyesha ko atitze guhagarika urugamba rwo gutuza umuhari Hamas kandi igihugu cose gifise uburenganzira bwo kwirinda gushika kure y’imbibe zaco.
Yagize ati:”Igihugu cose gifise uburenganzira bwo kwirinda no hanze y’imbibe zaco.”
Ibi bikaba bibaye inyuma yaho Isiraheli ikoze igitero gikomeye muri Qatar ku ndongozi za hamas cashoboye guhitana abarenga 6.
Kumenya nimba Amerika yoba yari izi iki gitero canke itakizi ubona ko Amerika isanzwe ifise ibirindiro mu muri Qatar no mu bindi bihugu vyo mu burasirazuba bwo hagati,Netanyahu yemeje ko yakoze ico gitero muri Qater ku gatwe kiwe.
Naho Isiraheli yagavye ico gitero muri Qatar,umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika Rubio Marco yemeza ko ibandanya gushigikira Isiraheli kandi ko Inyuma y’ico gitero umubano wa Qatar n’a Amerika wasubiye kuba mwiza





Recent Comments