Bene Nyamitwe ngo nibo bariko babesha ku biriko bibera Addis Abbeba

0

Ibuvurwa ko inama iriko ibera muri Ethiopie neza neza I Addis abbeba ko yoba yasivye ngo n’ububeshi butagira izina. Ivyo vyashikirijwe na Jeremie Minani asanzwe avugira Mouvement Arusha abicishije Ku rubuga rwa Facebook rwiwe.

minani

Uwo muvugizi wa Mouvement amenyesha kandi ko iyo nama iriko igenda neza kandi ata kibazo na kimwe gihari. Ayo makuru nyene abandanya avuga ko abari inyuma y’ivyo bihuha bivurwa hirya no hino ko biva kuri Bene Nyamitwe nkuko Jeremie abablndanya abishikiriza.

 

Minani ntiyasize inyuma kumenyesha ko ivyo bikorwa nivyarangira abatavuga rumwe n’ubutegetsi bazomenyesha abarundi n’amakungu aho bahagaze hamwe n’ikigiye gukorwa.

 

Iryo jambo rikaba rije kwunganira ivyaraye bishikirijwe na SINDUHIJE Alexis Ku mboneshakure yabafaransa aho yamenyesha ko ibikorwa biriko bigenda neza.

 

Muri ico give nyene ayandi makuru dukesha ikinyamakuru Iwacu avuga ko abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bankiwe kwinjira muri ethiopie n’abariyo ngo babafatiye Ku kibuga c’indege. Ngo imvo z’ihagarikwa ry’iyo nama ntiziramenyekana.