Ubu hano muri Leta zunze ubumwe za America , ino ndirimbo nshasha ya ” Uzayoba by Beez Boyz ” niyo ibaye iyambere isohotse igakundwa n’abarundi benshi cane bivanye nuburyo ikozemwo.
uwovuga ko bano baririmvyi b’abarundi babaye ibihangange mumwanya muto, ntiyoba yihenze nagato kubera uravye ino ndirimbo yabo ikomejwe gukundwa n’abantu benshi ndetse aho ugiye hose mumihana abarundi babamwo usanga ariyo baba bariko barunvira ndetse unababajije barakubwira neza ko bayakiriye neza.
Umwe mubahinyanyuzi bakomeye b’abarundi dufise hano muri America aba mugisagara ca (Houston Texas ) ” Young PDK ” ubwiwe nawe aremeza neza ko abarundi bavuyeyo mugukunda umuziki hamwe no kuwushigikira.
Umunyamakuru wa UBM news ”Eric Nyandwi ” uwo yambaye ijacket aho y’arikumwe numwe mu bariririmvyi bagize itsinda rya ” Beez Boys ”
Young PDK yagize ati : Ntanguye gushimira imana kubona ingene ino video yakiriwe ni ndirimbo yayo, nkongera nkashimira Uburundi ukungene bwakiriye ino ndirimbo, ikaba ivyuzwa kumaradiyo jewe nka manager wuno mugwi vyaranezereje cane, abarundi twavuyeyo dusigaye dukunda umuziki wacu. Ndabemeje ko Beez boyz batazigera babata hasi, akarinyuma karahinda
umwe mu ba Star bafize ” Beez Boys, hamwe na ”Eric Nyandwi ” umunyamakuru ndetse akongera akaba n’umuyobozi wa wa UBM News
UBM News nkuko arico kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri America , mumisi iri imbere tuzobashiriraho kimwe mu biganiro twakoranye nuno muririmvyi asanzwe ari muruno mugwi uzwi kwizina rya ” Beez Boyz ” ikindi naco twobibutsa ko bano baririmvyi basanzwe baherereye mumuji wa ” Houston, Texas ”
Recent Comments