Barack Obama Yavuye Mu Gacerere kiwe!

0

Ibiro vyuwahoze atwara Leta Zunze Ubumwe vya Amerika, Barack Obama, vyasohoye itangazo mukuvuga ko Barack Obama ababazwa n’imyiyerekano iriko ibandanya muri ico gihugu yo kwiyamiriza itangazo ry’umukuru w’igihugu Donald Trump ashaka gushiraho inzitizi ku bimukira bava mu bihugu bimwe bimwe vy’Abisilamu.

Barack Obama

Kevin Lewis,Umuvugizi wa Barack Obama, yahora atwara Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, yavuze ko uwo yahora atwara Amerika atemeranya n’iciyumviro ca kuvangura abantu hishimikijwe idini ryabo.

Yavuze kandi ko abanyagihugu bakoresha uburenganzira bwabo bahabwa n’ibwirizwa shingiro bwo kwumvirizwa n’abayobozi bitoreye kandi ngo nivyo biteze mu gihe Leta Zunze Ubumwe za Amerika yinjiye mu ngorane.