Nimba uri umuntu wahora wibaza ko ibikorwa bigayitse bikorekera mu Burundi ko bitamenyekana ubwo uribesha cane, nyuma yaho abantu benshi batari bake bakomereje kwamagana ifungwa rya ” Petero Karaveri Mbonimpa ” ubu ho na perezida waha muri Leta zunze ubumwe za America ” Barack Obama ” yananiwe kwihangana agira ico abivugako aho ubwiwe yavuze ko uno mutama ariko arahorwa ivyuyunviro vyiwe yashikirije bityo ngo ntampanvu nimwe ihari yokugumiza ” Petero Karaveri Mbonimpa ” mwibohero.
Petero Karaveri Mbonimpa afatwa nkumwe mu bitanze mu Burundi kugirango agateka kazinamuntu ntigahonyanrwe ndetse uno musi perezida wigihangange waha muri America ” Barack Obama ” nawe ubwiwe akaba yerekanye akababaro kiwe aho yavuze ko uno mutama yarakwiye kurekurwa akidegemvya.
Muncamake, hariho n’abandi baba mubindi bihugu barenganywa bityo Barack Obama yavuze ko abo bose ko bari bakwiye kurekurwa kuko bariko barahorwa ubusa.
Barack Obama ati : So today, we honor those who have given their lives. Among them, in Cameroon, Eric Lembembe; in Libya, Salwa Bugaighis; in Cambodia, Chut Wutty; in Russia, Natalia Estemirova. We stand in solidarity with those who are detained at this very moment. In Venezuela, Leopoldo Lopez; in Burundi, Pierre-Claver Mbonimpa; in Egypt, Ahmed Maher; in China, Liu Xiaobo; and now Ilham Tohti; in Vietnam, Father Ly. And so many others. They deserve to be free. They ought to be released.
Recent Comments