Barack Obama nawe yiyamirije amatora y’umukuru w’igihugu c’Uburundi, soma vyinshi ngaha

0

14860258813_9fe17bc300_b

Mu gihe leta zunze ubumwe za amerika zitigeze zishigikira amatora yabereye mu Burundi aho bamenyesha ko ivyavuyemwo  atawovyemera kandi ko n’ikiringo ca gatatu ca petero nkurunziza kidakurikije amategeko.

Umukuru w’ico gihugu ca Leta zunze  ubumwe ca amerika aho ari mu rugendo muri afrika y’ubuseruko neza neza mu gihugu ca kenya yamenyesheje ko amatora yahaye ububasha Peter Nkurunziza gusubira gutwara ikiringo ca gatatu kitanemewe n’amategeko ngo sayo kwizerwa. Ivyo akaba yabivuze aho yariko ayaga n’umukuru w’igihugu ca Kenya.

Uko ari babiri bakaba bahavuye basaba leta ya Bujumbura hamwe n’abo batavuga rumwe gusubira kandi kuja mu biganiro kugira batorere umuti ivyo bibazo.

Mwomenya ko urwo rugendo Barack Obama ruzomushikana no gihugu ca Ethiopie hasanzwe hari icicaro gikuru c’ubumwe bwa Afrika.