Bahagarike Imyiyerekano, Ntibasubire kuronderwa

0

Abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politique bari muri rwa runani rwo kurwanya ikiringo ca gatatu ca Pr. Petero Nkurunziza bemerewe kwidegemvya hagahanagurwa imitahe yo kubahagarika yari yatanzwe mu gihe bohagarika ibijanye n’imyiyerekano iriko iraba.

EdouardIvyo bikaba vyashikirijwe na Edouard Nduwimana ku musi w’ejo mu nama yarimwo yahamagawe na Ambassadeur Pierre-Claver Ndayicariye asanzwe arongoye umurwi ujejwe gutegura amatora aho yariko ashikiriza urundi rutonde rushasha rw’Amatora.

 

Mwomenya ko muri iyo nama ititabiriwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi kuko ngo batacemera umurwi CENI kumvo z’uko batagikwiye, ikaba yari yabereye muri Royal Palace isaha icenda.