Ibarabara R16 rigiye kwubakwa ku ngurane y’ibanki y’abarabu BADEA y’imiliyoni 60 z’amadorari y’amerika nkuko inama nkenguzamateka yaraye ivyemeje,akazorihwa mu myaka 28 harimwo imyaka 8 y’ikigongwe.
Nkuko BRB ivyerekana,ideni ry’igihugu riri kuduga cane ,uburundi buheranye imiriyaridi zirenga 7000 umurundi wese akaba aheranye ayarenga ibihumbi 500 twisunze igitigiri c’abarundi bose 12.332.788 nkuko rusansuma ya 2024 ivyerekana.

Ibarabara RN 16 rigiye gutangura kwubakwa ku ngurane y’ibanki y’abarabu BADEA ingana n’imiliyoni 60 z’ama dorari y’abanyamerika,iryo deni rikaba rizokwishurwa mu myaka 28 ariko hakaba harimwo imyaka 8 y’ikigongwe nkuko inama nkenguzamateka yo ku musi w’ejo igenekerezo rya 24 nyakanga 2025 yaraye ivyemeje.
Iryo barabara RN 16 Mutambara-Bururi,kibaya-Mweya igice cakabiri rikaba rizofasha kworosha uruja n’uruza hagati y’umurwa wa politike i Gitega n’ibice vyo mu bumanuko bw’igihugu cane cane Rumonge.
Hakaba kandi hategekanijwe kwubakwa amavuriro 3 matomato,amashure y’intango 3,utuzu twa sugumwe hamwe n’inyubako z’amazi meza mu duce 6.
Naho biri uko ideni ry’igihugu rikomeje kwiyongera aho rigeze ku miriyaridi zirenga 7000 nkuko nkuko biri mu cegeranyo c’ibanki nkuru y’igihugu BRB ivyerekana gushika muri rapporo yayo yo muri ruhuhuma 2025.
Aya madeni yose akaba azorihwa n’abenegihugu naho benshi batabizi.kugira iryo deni rero ririhwe umunyagihugu wese yoriha ayarenga ibihumbi 500.





Recent Comments