Audifax yahatswe kwitaba umukama ari mu minwe y’igipolisi

0

Umwe mu bazitoza ku giti cabo azohiganirwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu Audifax Ndabitoreye yafashwe n’aba police aho bamwagiriza ko ariko aragumuka kandi akagumura abanyagihugu. Akaba yafatiwe kuri Panoramique Hotel aho yari mu nama n’abashikiranganji bw’imigenderanire b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko.

Part-PAR-Par8166348-1-1-0

Mu makuru yahavuye yumvikana muri rino joro nuko bishoboka ko Audifax Ndabitoreye ngo ashobora kuba yarekuwe ubu akaba ari muhira iwe, Ayo makuru nyene akavuga ko yakomeretse kuko yakorotse mu modoka naho hataramenyekana neza icatumye akoroka.

Mwokwibuka ko ari mubahamagariye abarundi mwi barabara, akandi amaze imisi itari mike aja imbere y’abanyagihugu mu kwimamaza aho muri ino ndwi nyene yanarashwe n’umufasha wiwe barikumwe muri Commune ya Nyakabiga aranyuruzwa naho yahavuye atorwa.