Ashley Diva yoba agiye gukorana indirimbo n’umwe mu baririmvyi bakomeye muri Afrika

0

Ashley Diva n’umwe mu baririmvyikazi b’abarundi bakomeye cane kandi babandanya biyandikishiriza izina uko bukeye uko bwije mu muziki w’uburundi.
diva

ahari mu gihugu ca Kenya muri kino gihe,umuririmvyikazi Ashley Diva akaba yamenyesheje ikinyamakuru canyu Ubmnews.com ko muri kino ariko aritegurira gusohorana indirimbo n’umwe mu baririmvyi bakomeye muri Afrika nubwo atashimye kumuvuga mw’izina uyo muririmvyi bagiye gukorana indirimbo.
ashley

Abenshi mu bakunzi buyo muririmvyikazi bakaba batanguye kwibaza uyo muririmvyi agiye gukorana indirimbo nuyo muririmvyikazi aho benshi batanguye kwiyumvira ko yoba ari umuririmvyi Chege bivanye nama photo uyo muririmvyikazi Ashley aherutse gushira kurubuga rwiwe ngurukanabumenyi barikumwe na Chege ariko Ashley akaba atashimye kuvuga izina ry’umuririmvyi akomeye muri Afrika bagiye gusohorana indirimbo.
chege
Asley na Chege.

Mbega wewe nkumu Fans w’umuziki ndundi wibaza ko Ashley Diva agiye gusohorana nande indirimbo?