Ashley Diva yaratanze ikiganiro ku mboneshakure Tele Renaissance

0

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 23/10/2015,umuririmvyi w’umurundikazi Girukwishaka Aicetou Carmelle azwi nka Ashley Diva yaratanze ikiganiro ku mboneshakure Tele Renaissance,ikiganiro yatangiye mu kigo c’abamenyeshamakuru Maison De La Presse kiri mw’i Rohero.
ashley
Muri ico kiganiro Ashley Diva akaba yavuze ibintu vyinshi ariko ikintu nyamukuru twobabwira muri ico kiganiro yatanze nuko yavuze ko uyu mwaka agiye gukora ikintu kidasanzwe mu muziki w’uburundi,ikintu atashimye kuvuga ariko yavuze ko abakunzi b’umuziki bazocibonera niyo hagera.
ashley diva
Tworangiza tubamenyeshako abokenera kuraba ico kiganiro Ashley Diva yatangiye ku mboneshakure Tele Renaissance ko boja kuri youtube bakandika telerenaissance burundi hama bakaca bakibona.