ASHLEY DIVA N’UMWE MU BARIRIMVYI BABONETSE KU KIBUGA BAJE GUSHIGIKIRA UMUGWI NSERUKIRA GIHUGU W’UBURUNDI INTAMBA MU RUGAMBA MU RUKINO RWABAHUJE NA SYCHELLES.

0

Umuririmvyikazi w’umurundi ASHLEY DIVA yaraye abonetse ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore aho yari yaje gushigikira umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA aho wari uramutse utana mu mitwe n’umugwi wa SYCHELLES nkuko ikinyamakuru canyu ubmnews.com cashoboye kuvyibonera.
ashley kuri stade
Nyuma yugwo rukino ,ikinyamakuruu canyu kikaba carashoboye kumwegera kiramubaza ingene yiyumva kubona INTAMBA MU RUGAMBA zihejeje gutsinda SYCHELLES 2-0,Ashley akaba yatubwiye ko afise umunezero mwinshi cane kubona INTAMBA zatsinze yongera anatubwirako yavuye muhira yasenze asabira umugwi nserukira gihugu w’uburundi.
intamba
Tworangiza tubamenyeshako atari Ashley gusa yagaragaye ku kibuga hariho n’abandi baririmvyi babonetse ngaho baje gushigikira umugwi nserukira gihugu w’uburundi nk’umuririmvyi MASTERLAND.